Matthew 2:11 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Binjiye mu nzu, babona uwo mwana ari kumwe na nyina Mariya, barapfukama baramusenga. Hanyuma batekurura udusaho turimwo ivy’agaciro bagendanye babimuhako ishikanwa rigizwe n’inzahabu, n’utundi tuntu tumota neza.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.