Matthew 2:13 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na Yosefu mu nzozi amubwira ati: “Fata umwana na nyina ubahungishirize muri Egiputa; uzogumeyo kugeza aho nzokubwirira kugaruka, kuko Herode ariko arondera umwana ngo amwice.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.