Matthew 20:23 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yesu arababwira ati: “Ni ivy’ukuri ko muzonywa ku gikombe canje. Ariko, ku vyerekeye kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’abo Data yabiteguriye.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arababgira, at’ Igikombe canje koko muzokinywerako, ariko gutanga ivyicaro i buryo bganje n’i bumoso, s’ivyanje, atar’ abo Data yabiteguriye.