Matthew 21:15 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko, abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bamaze kubona ibitangaza bihebuje akoze n’ingene abana baguma basemerera mu rusengero bavuga bati: “Hozana mwana wa Dawidi!” Maze barashavura cane.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe babonye ibitangaza akoze, n’abana basemererera mu rusengero, ngo Hoziyana mwana wa Dawidi; baritonganya,