Matthew 21:16 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Babaza Yesu bati: “Mbega urumva ivyo aba bana bariko baravuga?” Na we arabishura ati: “Egome. Mbega ntimurasoma Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Mu kanwa k’abana bato n’inzoya, wahironkeye amashimwe’?”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
baramubaza, bat’ Urumva ivyo bavuga? Yesu arabishura, at’ Ego me; nta ho murasoma, ngo Mu kanwa k’abana bato n’abonka waroranijemw’ ishimwe?