Matthew 21:25 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Mbega umubatizo wa Yohana wavuye he? Ku Mana yo mw’ijuru canke ku bantu?” Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Non’ ukubatiza kwa Yohana kwaturutse hehe? Ni mw ijuru, canke ni mu bantu? Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera?