Matthew 23:16 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yemwe ndongozi zihumye, muzobona ibara kuko muvuga muti: ‘Nta co bitwaye kurahira urusengero rw’Imana, ariko kandi mukavuga ko uwurahiye inzahabu ziri mu rusengero aba yibohesheje iyo ndahiro.’
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Muzobona ibara, mwa ndongozi zihumye mwe, muvuga mut’ Ūzorahira urusengero s’ikigoye, arik’ ūzorahira izahabu yo mu rusengero azoba yikwegeye umwenda.