Matthew 23:27 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Muzobona ibara mwa bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mumeze nk’imva zera derere; zisa neza inyuma, ariko imbere muri zo huzuyemwo amagufa n’ibindi bintu vyose bihumanye.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko musa n’imva zihomeshejwe ingwa, ziboneka inyuma zīkuyengeje, arikw imbere zuzuye amagufa y’abapfuye n’ibihumanya vyose.