Matthew 25:24 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Hanyuma umwe yasigaranwa italanto imwe na we araza, avuga ati: ‘Databuja, nari nzi ko uri umuntu agoye, wimbura aho utateye kandi wegeranya umwimbu aho utasanzaje imbuto.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi haza uwahawe italanto imwe, ati Mugenzi, nari nkuzi k’ur’ umuntu w’ingāre, wimbura ivyo utārimye, ukumakuma ivyo utāsanzaje;