Matthew 25:41 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.