Matthew 27:64 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Turagusavye rero utange itegeko ryo gucunga imva yiwe kugeza ku musi ugira gatatu. Ivyo bizotuma abigishwa biwe bataza kwiba ikiziga ciwe, hanyuma bakabwira abantu ko yazutse mu bapfuye. Bibaye uko ububeshi bwiwe bwa nyuma bwoba bubi kurusha ubwa mbere.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko n’ugere barinde imva cane gushitsa ku musi ugira gatatu, kugira ngw abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabgira abantu ngo yazutse mu bapfuye; maz’ ubuhumvyi bga nyuma bgoruta ubga mbere.