Matthew 5:13 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Muri umunyu mu bantu bo mw’isi. Ariko iyo umunyu utakaje uburyohe bwawo, mbega bwowusubiramwo gute? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze abantu bakawucako.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mur’ umunyu w’isi. Arik’ umunyu, iy’ ushize uburyohe, uba ukiryoshwa n’iki? Nta co uba ukimaze atar’ ugutabga hanze ugakandagirwa n’abantu.