Matthew 5:19 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ni co gituma umuntu wese atazokurikiza ayo mabwirizwa naho ryoba ritoya ryo muri yo kandi akigisha abandi kutayakurikiza azoba uwa nyuma mu Bwami bw’ijuru. Ariko uwo wese azoyakurikiza akigisha n’abandi kuyakurikiza azoba mukuru mu Bwami bw’ijuru.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuk’ ūzorenga ibgirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire bartyo, mu bgami bgo mw ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’ ūyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bgami bgo mw ijuru.