Matthew 8:32 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yesu arababwira ati: “Nimugende!” Baca bava muri abo bantu, bitera muri za ngurube. Ubwo nyene wa mukuku wose w’ingurube uca wiruka umanuka, zisuka mu kiyaga zicwa n’amazi.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arababgira, ati Ni mugende. Babasokorokamwo, baragenda, baja mur’ izo ngurube. Wa mukuku wose wirukira ku gatembge, zīsuka mu kiyaga, zihonera mu mazi.