Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi n’abandi bantu bose, abaherezi n’Abalewi n’abashibamyi n’abaririmvyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abandi bose bamaze kwitandukanya n’amahanga yo mu bihugu, kugira ngo bitondere ivyagezwe vy’Imana, hamwe n’abagore babo n’abahungu babo n’abakobga babo, umuntu wese aciye ubgenge ashobora kubitahura;