Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
kugira ngo haze hame haboneka imitsima y’ibiterekerwa, bo n’amashikanwa y’amafu y’intasība, n’ibimazi vyoswa vy’intasība nyene, n’ivy’ amasabato, n’ivy’ imisi mikuru yashinzwe, haboneke n’ibintu vyera, n’ibimazi vyo gutangirwa ivyaha kw impongano y’Abisirayeli, bo n’ivy’ ibikorwa vyose vyo mu ngoro y’Imana yacu.