Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
bakoranya ikoraniro ryose ku musi wa mbere w’ukwezi kwa kabiri; abantu bariyandikisha nk’ukw amavuka yabo ari, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, baharūra amazina yabo umwe‐umwe, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru,