Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Baharūra amavuka ya ba Reyubeni imfura ya Isirayeli, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, amazina y’abagabo bose umwe‐umwe, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, abashobora kurwana mu ntambara bose: