Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ ivyo vyotero vy’ abo banyavyaha nyene bīhamagariye kugesera, babicuremw’ ibintu bibāse vyo kwomeka ku gicaniro, kuko bāvyīgije hafi imbere yanje, jewe Uhoraho, bigatuma biba ivyera, bigacika inyegu: kandi bizobera Abisirayeli ikimenyetso.