Numbers 29:6 — Compare Translations

1 translations compared side by side

Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa gihora gitangwa iy’ ukwezi kubonetse, hamwe n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, vyongerwe no kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, hamwe n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, bo n’ amashikanwa y’ibiturire agendanye n’ivyo vyose, nk’uko bishinzwe; bibe umubabge umota neza, ikimazi gitōngōrwa n’umuriro nshikaniwe jewe Uhoraho.