Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ umuherezi yābīre igikenye c’ukuboko kwa ya mpfizi y’intama gutetse, n’agatsima kamwe katambiwe akūye muri za ndumane, n’akandi gatsima kamwe kabēhūye, katambiwe nyene, abishire ku mashi y’uwo Munaziri, amaze kwimosha ubunaziri bgiwe.