Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi ntanze Abalewi, mbahaye Aroni n’abana biwe, mbakūye mu Bisirayeli bandi, ngo bakore igikorwa c’ihema ry’ibonaniro mu gishingo c’Abisirayeli, ngo babatangire impongano, kugira ngo hoye gutera ikīza na kimwe mu Bisirayeli, iyo begereye Ahēra.