Philippians 2:17 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Kandi naho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa ku kimazi, ari vyo bikorwa biva mu kwizera kwanyu, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese: