Philippians 3:12 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Singomba kuvuga ko ivyo maze kubishikira, canke ko maze gutunganywa rwose. Ariko, ndabandanya kugira ngo nshikire ukwo gutunganywa kwatumye Kristo Yesu amfata.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
S’ukugira ngo mpejeje kubihabga, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubganje mfatwa na Kristo Yesu.