Revelation 10:4 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Iyo mituragaro indwi imaze kuvuga, nca mfata ikaramu ngo nandike. Ariko nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ivyo iyo mituragaro indwi yavuze, ubigire ibanga, ntuvyandike.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.