Revelation 11:6 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Bafise ububasha bwo kwugara ikirere kugira ngo imvura ntigwe, igihe cose bazoba bariko baravugishwa; kandi bafise ububasha bwo guhindura amazi amaraso no guteza isi ivyago igihe cose uko babigomvye.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Abo bafise ubushobozi bgo gukinga ijuru, ngw imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo: kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye.