Revelation 13:10 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
“Uwagenewe kujanwa nk’inyagano, azojanwa nk’inyagano. Uwagenewe kwicishwa inkota azokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.