Revelation 14:15 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Haca haza uwundi mumarayika avuye mu rusengero, arasemerera abwira umwe yicaye ku gicu ati: “Bangura umuhoro wawe wimbure, kuko igihe co kwimbura kirageze, ivyimburwa vyo kw’isi bireze.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga, abgira ūvyagiye kur’ ico gicu, ati N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kukw iyimbura rishitse, kand’ ivyimburwa vyo mw isi vyumye.