Revelation 15:3 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
baririmba indirimbo ya Mose umukozi w’Imana n’iy’Umwagazi w’intama, bavuga bati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje, Mwami, Imana Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’amahanga.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.