Revelation 16:2 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Umumarayika wa mbere aragenda asuka ivyari mu rwavya rwiwe kw’isi. Haca haduka ibisebe bibi kandi bibabaza ku bantu bari bafise ikimenyetso ca ca gikoko bagasenga n’igishushanyo caco.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikōko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi.