Revelation 18:13 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Cabagurira kandi ivyitwa kinamoni n’ibindi birungo; amavuta amota neza, ibimotesha neza amavuta yitwa mira n’imibavu; imivinyu n’amavuta ya elayo; ifu inoze neza n’ingano; inka n’intama; amafarasi n’imikogote hamwe n’abantu bagurishwa nk’abagurano.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
n’ibisosa vyitwa mudarasini, n’imbazi, n’imibavu, n’amavuta amota neza, n’isenga, na vino, n’amavuta ya elayo, n’ifu isetse neza, n’ingano, n’inka, n’intama, n’amafarasi, n’imikogote, n’imibiri y’abantu n’ubugingo bgabo.