Revelation 19:15 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe; kandi iyo ni yo yakubitisha amahanga. “Azoganzisha amahanga agacinyizo.” Azorekura ubushangashirwe bw’Imana Mushoboravyose nk’uwuganira inzabibu mu bwato.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.