Revelation 20:4 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.