Revelation 22:6 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Wa mumarayika arambarira ati: “Aya majambo ni ay’ukwizerwa kandi ni ay’ukuri. Umwami, Imana iganza impwemu z’abavugishwa, yarungitse umumarayika wayo kwereka abasavyi bayo ibigiye kuzoshika.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arambarira, at’ Ayo majambo n’ayo kwizerwa n’ay’ ukuri, kand’ Umwami, ni yo Mana igera impwemu z’abavugishwa na yo, yatumye umumarayika wiwe kwereka abagurano biwe ibigira bibeho vuba.