Revelation 22:8 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jewe Yohana, ni jewe niyumviye aya majambo, nibonera n’ivyo vyose. Maze kuvyiyumvira no kuvyibonera, nca nikubita imbere ya wa mumarayika nubamye ngo ndamusenge.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ni jewe Yohana numvise ivyo, ndavyibonera. Mmaze kuvyumva no kubibona, nikubita hasi imbere y’ibirenge vy’umumarayika anyeretse ivyo, ngira ndamusenge.