Revelation 3:1 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Uwufise mu biganza impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi aravuga ati: Ndazi ibikorwa vyawe. Abantu benshi bazi ko uri muzima kandi warapfuye.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi, ut’ Ūfise Impwemu ndwi z’Imana n’inyenyeri ndwi, aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ ur’ uwapfuye.