Revelation 5:13 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Hanyuma nca numva amajwi y’ivyaremwe vyose, ivyo mw’ijuru, ivyo kw’isi, ivy’i kuzimu, ivyo mu biyaga n’ibibibamwo, biririmba biti: “Guhimbazwa n’icubahiro, ubwiza n’ububasha, ni ivy’uwicaye ku ntebe y’inganji n’Umwagazi w’intama yishwe, ibihe vyose!”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kand’ icaremwe cose co mw ijuru no mw isi n’i kuzimu no hejuru y’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose, numva bivuga, bit’ Īvyagiye ku ntebe bo n’Umwagazi w’Intama, umugisha ube uwabo n’icubahiro no guhimbazwa n’ububasha, ibihe bitazoshira.