Revelation 6:15 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Maze abami bo kw’isi, abahambaye, abasoda bakuru, abatunzi, abakomeye, abagurano n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vy’amabuye vyo mu misozi.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Abami bo mw isi n’abaganwa n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abatunzi n’abanyenkomezi n’abagurano bose n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi;