Revelation 6:8 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Haca haza ifarasi isa n’urwatsi rubisi. Uwuyigenderako yitwa Rupfu, uwaje amukurikira na we yitwa Kuzimu. Baca bahabwa ububasha, ku ca kane c’isi, bwo kumarisha abantu inkota, inzara, ingwara, n’ibikoko vyo mw’ishamba.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mbona ifarasi ibenjutse; kand’ ūyicayeko yitwa Rupfu, Kuzimu na we aramukurikira; bahabga ububasha ku kigira kane c’isi, ngo babicishe inkota n’inzara n’urupfu n’ibikōko vyo kw isi.