Romans 10:12 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Kandi kuri ivyo, nta tandukaniro riri hagati y’Abayuda n’abanyamahanga, kuko bose bafise Umwami umwe kandi atanga cane agahaza ivyiza uwumwambaje wese.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nta tandukaniro ry’Umuyuda n’Umugiriki: kuk’ Umwami umwe ar’ Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose;