Romans 10:16 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko rero si abantu bose bemera kwakira Ubutumwa Bwiza, kuko Yesaya yavugishijwe ngo: “Mwami ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arikw abumviye ubutumwa bgiza si bose. Kuko Yesaya yavuze, ati Mwami, ni nde yemeye ivyo twumvise?