Romans 11:7 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko benshi mu Bisirayeli bataronse kwemerwa n’Imana naho babironderana ishaka ryinshi. Ni abantu bakeya gusa batoranijwe n’Imana babironse, ariko imitima y’abandi yashishikaye gukomantara,
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
None vyabaye bite se? Ic’ Abisirayeli bārondeye, ntibākibonye; ariko, abātoranijwe bārakironse, abandi bakomantazwa imitima.