Romans 14:23 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko iyo umuntu agikekeranya ku bijanye no kurya canke kureka kurya ikintu kanaka, iyo abirenzeko akakirya, aba yihamagariye gutsindwa n’urubanza, kuko ataba yemezwa neza ko ivyo ari vyo yari akwiye gukora. Ikintu cose umuntu akora kitavuye ku kwizera kimubera icaha.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko, ūkekeranya wese iy’ ariye aba atsinzwe, kuko bitaba bivuye ku kwizera: ikitava ku kwizera cose n’icaha.