Romans 14:6 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Uwubahiriza umusi kanaka abikora ahesha icubahiro Imana. Uwurya indya zose abikora ahesha icubahiro Imana, kuko abikora ayishimira. N’uwirinda kurya bimwebimwe na we nyene abikora ahesha icubahiro Imana kandi abiyishimira.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Uwiyumvira umusi awiyumvira kubg’ Umwami wacu; ūrya inyama azirya kubg’ Umwami, kukw ashima Imana; kand’ ūtazirya, yanka kuzirya kubg’ Umwami, na we ashima Imana.