Romans 15:27 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ivyo babikoranye umunezero, ariko mu vy’ukuri bari babafitiye umwenda, kuko Abanyamahanga baronse umugisha wo mu buryo bw’impwemu uvuye ku Butumwa Bwiza bashikirijwe n’abizera b’i Yerusalemu. Ni co gituma na bo bahisemwo kubafashisha ku vy’ubutunzi bwabo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Vyarabahimbaye, kandi babafitiye umwenda: kuko namb’ abanyamahanga bāsangiye ivy’ impwemu vyabo, bafise umwenda wo kubafasha ku vy’umubiri.