Romans 16:19 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko abantu bose barazi ko mwumvira Umwami Yesu, kandi ivyo birampimbara cane. Ndagomba ko muba abanyabwenge mu kumenya ivyiza, ariko mu bibi mube nk’abatagira ico bazi.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Igitumye mbabgira ivyo, n’uko kwumvira Imana kwanyu kwamamaye mu bantu bose: ni co gitumye mbanezererwa, ariko ndagomba ko muba abanyabgenge ku vyiza, mukaba abatungu ku bibi.