Romans 16:2 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ndabasavye muze mumwakire mw’izina ry’Umwami wacu nk’uko bibereye abera b’Imana. Muze mumufashe mu vyo azokenera vyose, kuko yagiriye ikimazi benshi na canecane jewe.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
ngo mumwākīre kubg’ Umwami wacu, nk’uko bibereye abera, kandi mumufashe ku c’azogomba cose, kuko na we yafashije benshi, barimwo jewe.