Romans 2:29 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ahubwo Umuyuda w’ukuri ni umuntu afise umutima utunganye imbere y’Imana, kandi ugukebwa nyakuri ni ukwo mu mutima. Ico ni igikorwa ca Mpwemu w’Imana, si igikorwa c’Ivyagezwe. Umuntu nk’uwo ashimwa n’Imana aho gushimwa n’abantu.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arik’ Umuyuda wo mu mutima ni we Muyuda, kandi gukebga n’ukw’ umutima, n’ukwo mu buryo bg’impwemu, atar’ ukwo mu buryo bg’inyuguti: ūmeze artyo ntashimwa n’abantu, arikw ashimwa n’Imana.