Romans 4:11 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kand’ ahabga ikimenyetso, ni kwo gukebga, kuba ikimenyetso c’ukugororoka kwavuye kuri kwa kwizera yar’ afise atarakebga, kugira ngw abe sekuruza w’abizera bose batākebge, ngo bibaharūrweko nk’ukugororoka;