Romans 5:15 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko hariho itandukaniro rinini hagati y’icaha ca Adamu n’ingabire y’ubuntu bw’Imana. Ni ivy’ukuri ko abantu benshi bapfuye kubera icaha c’uwo muntu umwe. Yamara ubuntu bw’Imana n’ingabire y’imbabazi yatanze biciye ku wundi muntu, ari we Yesu Kristo, birengeye ivyo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arikw ingabire y’Imana ntimera nka ca gicumuro. Kw igicumuro c’umwe catumye abenshi bapfa, ubuntu bg’Imana n’ingabire y’ubuntu bg’umuntu umwe Yesu Kristo vyarushirije gusāguka kuri benshi.